Skip to main content

[amakurunamateka.com] VOA-Africa: Raporo y'Ishirahamwe "Human Rights Watch" ku Burundi

 

Raporo y'Ishirahamwe "Human Rights Watch" ku Burundi 

1 hour ago
  • VOA Africa
Uburundi kw'ikarata

Uburundi kw'ikarata

Muri raporo ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, ryasohoyeku musi wa kane italiki zitandatu z'ukwezi kw'umunani, umwaka w'2015, ku Burundi, iryo shirahamwe rimenyesha ko abategetsi bajejwe iperereza mu Burundi, igipolisi n'imikangara yo mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD bafashe ata mvo nyakuri bongera barakubagura abantu batari bake bikekwa ko batavuga rumwe n'ubutegetsi.

Abategetsi bajejwe iperereza bagiriza benshsi mu mikangara yafashwe ko yariko igerageza kuva mu gihugu, kandi ko yari ifise imigambi y'ukuja mu mirwi irwanya ubutegetsi.

Ishirahamwe, Human Rights Watch, ryatohoje amadossiers arenga ijana na mirongo ine n'umunani, hagati y'ukwezi kwa kane n'ukwezi kw'iindwi muri uyu mwaka w'2015, mu ntara zine z'Uburundi, n'umurwa mukuru, Bujumbura, arimwo uruhara rw'abategetsi bajejwe iperereza, igipolisi n'imikangara y'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, uzwi kw'izina ry'Imbonerakure.

Ishirahamwe Human Rights Watch, rivuga ko benshi mu bafashwe bakubiswe, bafatwa bunyamaswa.

Ivyo vyabaye mu kwezi kwa gatandatu n'ukwezi kw'indwi.

Ishirahamwe Human Rights Watch, ryabajije abantu barenga mirongo umunani bakorewe ayo mabi, aba aba,avoka, abaharanira agateka ka muntu, abategetsi bajejwe ubutungane, n'abandi batanze amakuru, muri izo ntara zine z'Uburundi, n'umurwa mukuru, Bujumbura.

Ishirahamwe riharanira agateka ka amuntu, Human Rights Watch, ririko kandi riratohoza ibintu nkivyo vyabaye mu zindi ntara z'igihugu.

Igitigiri c'abakorewe amabi mu gihugu cose gishobora kuba ari kinini kurushiriza.

Kugira rikingire umutekano w'abakorewe ayo mabi n'ivyabona, ishirahamwe Human Rights Watch, ntirimenyesha ibice amwe muri ayo mabi yabereyemwo.

Daniel Bekele, umuyobozi w'ishirahamwe, Human Rights Watch, mu karere ka Afrika, atangaza kw'ata burenganzira Imbonerakure zifise bw'uguhagarika uwariwe wese, ngo yamara zarafashe abantu ata mvo nyakuri, zirabakubita, zongera zibashikiriza abajejwe iperereza, bafashe bunyamaswa bamwe muribo.

Daniel Bekele, amenyesha ko Reta y'Uburundi yotegerezwa gutegeka icese Imbonerakure zose guhagarika gufata abantu, n'ukubonako Imbonerakure n'abajejwe iperereza, bagize uruhara mu gukubagura n'ugufata bunyamaswa abo bafashe, bashizwe imbere y'intahe.

Abakorewe amabi mu ntara zitari nke babwiye ishirahamwe Human Rights Watch, kw'Imbonerakure zabafashe, zirabakubita, rimwe na rimwe imbere y'abategetsi bajejwe iperereza. Bavuga ko bakubiswe inkoni, n'amahiri, bategekwa kwivumbagaza mu vyondo. Bamenyesha ko kenshsi Imbonerakure zashikirije abo zahagaritse abajejwe iperereza.

Ishirahamwe Human Rights Watch, ryaragerageje kuvugana na Telesphore Bigirimana, avugira ibiro vy'igihugu bijejwew iperereza, yaramara iryo shirahamwe ntiryashoboye kumushikira.

Ishirahamwe Human Rights Watch, rimenyesha ko ryararondeye kuvugana kw'itelefone, na Pascal Nyabenda, ayoboye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, ku rwego rw'igihugu, ko yamara yanse kurivugisha.


###
"Hate Cannot Drive Out Hate. Only Love Can Do That", Dr. Martin Luther King.
###

__._,_.___

Posted by: Nzinink <nzinink@yahoo.com>
Reply via web post Reply to sender Reply to group Start a New Topic Messages in this topic (1)
-------------------------------------------------------------------___________________________________________________
-Ce dont jai le plus peur, cest des gens qui croient que, du jour  au lendemain, on peut prendre une société, lui tordre le cou et en faire une autre.
-The hate of men will pass, and dictators die, and the power they took from the people will return to the people. And so long as men die, liberty will never perish.
-I have loved justice and hated iniquity: therefore I die in exile.
-The price good men pay for indifference to public affairs is to be ruled by evil men.
=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=--=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-
-To post a message: amakurunamateka@yahoogroups.com; .To join: amakurunamateka-subscribe@yahoogroups.com; -To unsubscribe from this group,send an email to:
amakurunamateka-unsubscribe@yahoogroups.com
_____________________________________________________
-More news:  http://www.amakurunamateka.com

https://www.facebook.com/amakurunamateka

https://www.facebook.com/musabeforum

http://www.musabe.com/
--------------------------------------------------------------------------------------
-SVP, considérer  environnement   avant toute  impression de  cet e-mail ou les pièces jointes.
======
-Please consider the environment before printing this email or any attachments.
--------------------------------------------------------------------------------------

.

__,_._,___

Comments

Popular posts from this blog

[haguruka] General Kale Kayihura: Who’s Who ?

  General Kale Kayihura: Who's Who ? Private life He is married to Angella Kayihura, a Kenyan of Rwandese descent, she is the granddaughter of Rudahigwa , the last king of pre-independence Rwanda. The Kayihuras are the parents of two children, he is reported to own a mixed farm on 350 acres (140 ha) of land in Kabula, Lyantonde District , on which he owns about 500 goats. [9] https://wikivisually.com/wiki/Kale_Kayihura Kale Kayihura Kale Kayihura Born 26 December 1955 (age 62) Uganda Residence Muyenga , Kampala , Uganda Nationality Ugandan Citizenship Uganda Alma mater Makerere University ( Bachelor of Laws ) Law Development Centre ( Diploma in Legal Practice ) London School of Economics ( Master of La...

[haguruka.com] Fw: *DHR* New Vision, Uganda @Gen Fred Rwigyema's untold story.

  On Sunday, 22 November 2015, 18:52, "Jean Bosco Sibomana sibomanaxyz999@gmail.com [Democracy_Human_Rights]" <Democracy_Human_Rights@yahoogroupes.fr> wrote:   Gen Fred Rwigyemas untold story By Muwonge Magembe The death of Gen. Aronda Nyakairima on September 12; eclipsed the 25th year death memorial of Maj. Gen. Fred Rwigyema which is commemorated every October. Rwigyema died strangely in October, 1990, after launching a military invasion against President Juvenal Habyarimana. Before he left for Rwanda, Rwigyema parked a coffee brown Mercedes Benz (G-Class) near the residence of then special administrator for Mbarara district, Henry Rwigyemera. Rwigyema started living in Uganda when he was only three years following his parents' relocation from Mukiranze village, Kamonyi district, Rwanda to Nshungerezi refuge camp, Ankole and Kahungye, Toro. Their relocation was motiv...

Re: *DHR* GENOCIDE HUTU : UKWISHONGORA KWA GITUTSI KUBAHUTU KUMAZE GUFATA INDI NTERA HAGOMBA IMIGAMBI MISHYA YO KUBIRWANYA MAZE TUKIBUTSA KO U RWANDA RUZABA U RWANDA IGIHE UMWE AZABA YUBAHA UNDI

Banyarubuga, Ni byiza ko Galicani Gasana  w'ishyaka Amahoro Peace Congress na Kabalisa Pacifique bemera ko mu Rwanda habaye jenoside ebyiri: iyakorewe abatutsi ikozwe n'interahamwe za MRND, impuzamugambi za CDR, zimwe mu ngabo z'u Rwanda ex-FAR na hutu power movement ya Karamira; na jenoside yakorewe abahutu ikozwe na FPR/APR Inkotanyi mu Rwanda no muri Congo. Natwe mw'ishyaka ryacu PRM/MRP-ABASANGIZI ni uko tubyemera, kandi tukabivuga nk'uko biri. Kuko kutabivuga mu mvugo yabyo ko byitwa jenoside ni ugukina umukino wa FPR yayikoze idashaka ko ubwicanyi ndengakamere yakoreye abanyarwnda bo mu bwoko bw'abahutu bwitwa genocide nyine kugirango yo n'abayobozi bayo batazava aho babibazwa. Mu bintu FPR n'abayobozi bayo batinya ni kiriya cy'uko ubwicanyi ndengakamere bakoreye abahutu mu Rwanda no muri Congo bwazitwa genocide. Ni nde se wundi wabyita genocide ngo bifate uretse abavictimes b'iyo genocide bo bazi mieux que quiconque d'autre ibyababayeh...