Skip to main content

Rwanda Forum Amerika Irasaba Eritreya Gukura Ingabo Zayo muri Etiyopiya

Amerika Irasaba Eritreya Gukura Ingabo Zayo muri Etiyopiya
27-01-2021
Leta ya Amerika itangaza ko inteko z'igihugu ca Eritreya zitegerezwa kuva mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya bidatevye.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika yamenyesheje mw'ijoro ryo ku musi wa kabiri ko hari amakuru yizigiwe avuga ko inteko za Eritereya ziriko zirasahura, zifata abapfasoni n'abigeme ku nguvu, zongera zikora ibitero ku makambi y'impunzi hamwe n'irindi tyozwa ry'agateka ka muntu mu ntara ya Tigre.

Uwo muvugizi amenyesha kandi ko hari ivyemezo ko abasirikare ba Eritereya bariko batahukana ku nguvu abanyagihugu babo bahungiye muri iyo ntara.

Ivyatangajwe n'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika vyerekana ko reta nshasha ya Prezida Joe Biden iriko iraremera reta ya Etiyopiya hamwe n'abandi bariko barwana mu ntara ya Tigre.

Itororokanirizo ry'amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryatangaje amakuru rivuga ko yatanzwe n'ivyabona mu ntara ya Tigre, bivuga ukuntu abasirikare ba Eritreya basahuye, baja ku nzu ku yindi bica abakiri bato b'igitsina gabo, bakigenza nk'abategetsi bo muri iyo ntara.

Inteko za Eritreya zarwanye ku ruhande rw'inteko za Leta ya Etiyopiya mu gihe zariko zikwirikirana abayobozi b'intara ya Tigre. Yamara Leta ya Etiyopiya ivuga ko ata nteko za Eritreya ziri ku butaka abwayo.

Itangazo rya Leta nshasha ya Amerika risaba ko haba itohoza ryigenga kandi ribaye mu muco ku mabi yagirizwa inteko za Eritreya mu ntara ya Tigre.

Ntaco ibiro vy'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, vyishuye buno nyene ku vyatangajwe na Leta ya Amerika. N'abategetsi ba Reta ya Eritreya ntaco bishuye buno nyene.
Abatabizi bicwa no kutabimenya.

Nikozitambirwa
31.01.2021

Comments

Popular posts from this blog

[haguruka] General Kale Kayihura: Who’s Who ?

  General Kale Kayihura: Who's Who ? Private life He is married to Angella Kayihura, a Kenyan of Rwandese descent, she is the granddaughter of Rudahigwa , the last king of pre-independence Rwanda. The Kayihuras are the parents of two children, he is reported to own a mixed farm on 350 acres (140 ha) of land in Kabula, Lyantonde District , on which he owns about 500 goats. [9] https://wikivisually.com/wiki/Kale_Kayihura Kale Kayihura Kale Kayihura Born 26 December 1955 (age 62) Uganda Residence Muyenga , Kampala , Uganda Nationality Ugandan Citizenship Uganda Alma mater Makerere University ( Bachelor of Laws ) Law Development Centre ( Diploma in Legal Practice ) London School of Economics ( Master of La...

[haguruka.com] Fw: *DHR* New Vision, Uganda @Gen Fred Rwigyema's untold story.

  On Sunday, 22 November 2015, 18:52, "Jean Bosco Sibomana sibomanaxyz999@gmail.com [Democracy_Human_Rights]" <Democracy_Human_Rights@yahoogroupes.fr> wrote:   Gen Fred Rwigyemas untold story By Muwonge Magembe The death of Gen. Aronda Nyakairima on September 12; eclipsed the 25th year death memorial of Maj. Gen. Fred Rwigyema which is commemorated every October. Rwigyema died strangely in October, 1990, after launching a military invasion against President Juvenal Habyarimana. Before he left for Rwanda, Rwigyema parked a coffee brown Mercedes Benz (G-Class) near the residence of then special administrator for Mbarara district, Henry Rwigyemera. Rwigyema started living in Uganda when he was only three years following his parents' relocation from Mukiranze village, Kamonyi district, Rwanda to Nshungerezi refuge camp, Ankole and Kahungye, Toro. Their relocation was motiv...

Re: *DHR* GENOCIDE HUTU : UKWISHONGORA KWA GITUTSI KUBAHUTU KUMAZE GUFATA INDI NTERA HAGOMBA IMIGAMBI MISHYA YO KUBIRWANYA MAZE TUKIBUTSA KO U RWANDA RUZABA U RWANDA IGIHE UMWE AZABA YUBAHA UNDI

Banyarubuga, Ni byiza ko Galicani Gasana  w'ishyaka Amahoro Peace Congress na Kabalisa Pacifique bemera ko mu Rwanda habaye jenoside ebyiri: iyakorewe abatutsi ikozwe n'interahamwe za MRND, impuzamugambi za CDR, zimwe mu ngabo z'u Rwanda ex-FAR na hutu power movement ya Karamira; na jenoside yakorewe abahutu ikozwe na FPR/APR Inkotanyi mu Rwanda no muri Congo. Natwe mw'ishyaka ryacu PRM/MRP-ABASANGIZI ni uko tubyemera, kandi tukabivuga nk'uko biri. Kuko kutabivuga mu mvugo yabyo ko byitwa jenoside ni ugukina umukino wa FPR yayikoze idashaka ko ubwicanyi ndengakamere yakoreye abanyarwnda bo mu bwoko bw'abahutu bwitwa genocide nyine kugirango yo n'abayobozi bayo batazava aho babibazwa. Mu bintu FPR n'abayobozi bayo batinya ni kiriya cy'uko ubwicanyi ndengakamere bakoreye abahutu mu Rwanda no muri Congo bwazitwa genocide. Ni nde se wundi wabyita genocide ngo bifate uretse abavictimes b'iyo genocide bo bazi mieux que quiconque d'autre ibyababayeh...