Kongo: Amashirahamwe ategamiye leta atunga urutoke igisirikare c'u Rwanda
Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa mbere, 2013 - 15:17 GMT
Rwanda Forum ni urubuga rugali,rudaheza,rutangaza kandi rusesengura Ibitekerezo,Ibibazo, Amakuru n' Amateka y’u Rwanda. Ijambo ni iryanyu !
Abasirikare ba M23 bava mu muji wa Goma mu mwaka uheze
Amashirahamwe ategamiye leta yo muri Kivu y'uburaruko mu buseruko bwa Kongo avuga ko atewe impungege n'icengera ry'abasirikare b'u Rwanda muri M23.
Icegera c'uwujejwe gutunganiriza hamwe ibikorwa vy'ayo mashirahamwe, Omar Kavota, yabariye BBC ko mu mpera z'indwi iheze hinjiye muri Kongo ibatayo zitatu z'abasirikare b'u Rwanda.
Ngo abo basirikare bari bagizwe ahanini n'abakoresha ibirwanisho biremereye, baja mu turere twa Rumangabo na Kalengera muri Rutshuru.
Ahandi abo basirikare barangwa ngo ni mu karere ka Nyiragongo no mu gace ka Buhima.
Abajijwe igituma umugwi ujejwe kugenzura urubibe (mechanisme de verification) ataco urabivugako, bwana Kavota yavuze ko uwo mugwi ata bwigenge ufise kubiryo wotangaza amakuru nk'ayo.
Yabandanije avuga ko ukwiyongera kw'abasirikare b'u Rwanda muri Kongo kwatanguye kuva aho M23 ifatiye umuji wa Goma.
Omar Kavota kandi yabariye BBC ko igiteye ubwoba ari uko mugihe ibiganiro vy'i Kampala vyoshika ku mwumvikano wo gushira ingabo za M23 mu nzego z'umutekano za Kongo, ngo wosanga hinjiye abanyamahanga benshi, ngo ivyo bikabera ikibazo gikomeye Kongo.
Igisirikare c'u Rwanda ariko kivuga ko ayo makuru ari ikinyoma co kimwe n'ayandi menshi ahora ava muri Kongo.
Umuvugizi w'igisirikare Gen de Brigade Joseph Nzabamwita, yavuze ko bo nka leta y'u Rwanda hamwe n'igisirikare, ata muntu numwe arabidogera kubera ico kibazo canke ngo habe ahandi bumva amakuru y'iryo cengera.
Comments
Post a Comment