Skip to main content

Amerika, n’Aba Talibani, Bazogirana Ibiganiro, Amaso mu Yandi, Ejo ku Musi wa Kane


Amerika, n'Aba Talibani, Bazogirana Ibiganiro, Amaso mu Yandi, Ejo ku Musi wa Kane

Umutegetsi mukuru agira kabiri mu bayobozi mu vya gisirikare b'Aba Talibani, Waliur Rehman

Umutegetsi mukuru agira kabiri mu bayobozi mu vya gisirikare b'Aba Talibani, Waliur Rehman

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziriteguriye kwugurura ibiganiro icese, n'Aba Talibani, mu mpera z'iyi ndwi, mu mugambi w'ugushiraho uburyo bw'uguhagarika ingwano, imaze igihe kirenga imyaka cumi, mu gihugu ca Afghanistani.

Abategetsi ba Reta ya Amerika, batangaje kw'ivyo biganiro bizotangura, ejo ku musi wa kane, mu gisagara ca Doha, muri Emirat ya Qatar.

Vyitezwe kw'abategetsi bakomeye ba Departement ya Reta ya Amerika, n'abategetsi bakomeye bo mu biro kwa prezida wa Amerika babonana, n'abaserukira Aba Talibani, muvyo abategetsi bavuga kw'ari ibiganiro vy'intangamarara.

Ivyerekeye ivyo biganiro vyasohotse, mu gihe abategetsi bajejwe kwivuna abansi ba Amerika, bemeje kw'abasirikare bane b'Abanyamerika bane bishwe, ejo ku musi wa kabiri, mu kibanza c'igisirikare kirwanira mu kirere, ca Amerika ca Bagram, mu buraruko bw'umurwa mukuru wa Afghanistani, Kabul.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, ari mu nama y'abategetsi b'ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw'isi, mu vyerekeye ubutunzi, muri Irlande yo mu buraruko, yavuze kw'ivyo biganiro n'Aba Talibani ari intambwe ya mbere, akaba yaragabishije ko yiteze ko hazoba intambamyi zitari nke, muri ivyo biganiro.

Ntivyitezwe ko Reta ya Prezida w'igihugu ca Afghanistani, Hamid Karzai, ija mu ncuro yo mu ntango y'ibiganiro vyo mu gisagara ca Doha.

Yamara abategetsi batangajeko vyitezwe kw'ibiganiro, vy'ejo ku musi wa kane, bishikana ku nama, hagati y'Aba Taliban,i n'abagize urwego rw'amahoro, rwashizweho na prezida w'igihugu ca Afghanistani.

Gushika ubu, Aba Talibani, baranse kuvugana icese na Reta ya prezida Karzai.

Comments

Popular posts from this blog

[haguruka] General Kale Kayihura: Who’s Who ?

  General Kale Kayihura: Who's Who ? Private life He is married to Angella Kayihura, a Kenyan of Rwandese descent, she is the granddaughter of Rudahigwa , the last king of pre-independence Rwanda. The Kayihuras are the parents of two children, he is reported to own a mixed farm on 350 acres (140 ha) of land in Kabula, Lyantonde District , on which he owns about 500 goats. [9] https://wikivisually.com/wiki/Kale_Kayihura Kale Kayihura Kale Kayihura Born 26 December 1955 (age 62) Uganda Residence Muyenga , Kampala , Uganda Nationality Ugandan Citizenship Uganda Alma mater Makerere University ( Bachelor of Laws ) Law Development Centre ( Diploma in Legal Practice ) London School of Economics ( Master of La...

[haguruka.com] Fw: *DHR* New Vision, Uganda @Gen Fred Rwigyema's untold story.

  On Sunday, 22 November 2015, 18:52, "Jean Bosco Sibomana sibomanaxyz999@gmail.com [Democracy_Human_Rights]" <Democracy_Human_Rights@yahoogroupes.fr> wrote:   Gen Fred Rwigyemas untold story By Muwonge Magembe The death of Gen. Aronda Nyakairima on September 12; eclipsed the 25th year death memorial of Maj. Gen. Fred Rwigyema which is commemorated every October. Rwigyema died strangely in October, 1990, after launching a military invasion against President Juvenal Habyarimana. Before he left for Rwanda, Rwigyema parked a coffee brown Mercedes Benz (G-Class) near the residence of then special administrator for Mbarara district, Henry Rwigyemera. Rwigyema started living in Uganda when he was only three years following his parents' relocation from Mukiranze village, Kamonyi district, Rwanda to Nshungerezi refuge camp, Ankole and Kahungye, Toro. Their relocation was motiv...

Re: *DHR* GENOCIDE HUTU : UKWISHONGORA KWA GITUTSI KUBAHUTU KUMAZE GUFATA INDI NTERA HAGOMBA IMIGAMBI MISHYA YO KUBIRWANYA MAZE TUKIBUTSA KO U RWANDA RUZABA U RWANDA IGIHE UMWE AZABA YUBAHA UNDI

Banyarubuga, Ni byiza ko Galicani Gasana  w'ishyaka Amahoro Peace Congress na Kabalisa Pacifique bemera ko mu Rwanda habaye jenoside ebyiri: iyakorewe abatutsi ikozwe n'interahamwe za MRND, impuzamugambi za CDR, zimwe mu ngabo z'u Rwanda ex-FAR na hutu power movement ya Karamira; na jenoside yakorewe abahutu ikozwe na FPR/APR Inkotanyi mu Rwanda no muri Congo. Natwe mw'ishyaka ryacu PRM/MRP-ABASANGIZI ni uko tubyemera, kandi tukabivuga nk'uko biri. Kuko kutabivuga mu mvugo yabyo ko byitwa jenoside ni ugukina umukino wa FPR yayikoze idashaka ko ubwicanyi ndengakamere yakoreye abanyarwnda bo mu bwoko bw'abahutu bwitwa genocide nyine kugirango yo n'abayobozi bayo batazava aho babibazwa. Mu bintu FPR n'abayobozi bayo batinya ni kiriya cy'uko ubwicanyi ndengakamere bakoreye abahutu mu Rwanda no muri Congo bwazitwa genocide. Ni nde se wundi wabyita genocide ngo bifate uretse abavictimes b'iyo genocide bo bazi mieux que quiconque d'autre ibyababayeh...