Skip to main content

Irani: Hassan Rouhani yatsinze amatora

http://www.bbc.co.uk/gahuza/amakuru/2013/06/130615_iran_election.shtml

Hassan Rouhani yatsinze amatora muri Irani

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa gatandatu, 2013 - 19:17 GMT
Hassan Rouhani yigina intsinzi
Hassan Rouhani yigina intsinzi
Umwigisha wa Islam ashigikiwe n'abashaka amahinduka, Hassan Rouhani, yatsinze amato y'umukuru w'igihugu wa Irani ku majwi arenga gatoyi 50 kw'ijana.
Isinzi ry'abantu bahuriye ku murwa mukuru wa Irani, Tehran, gukeza bwana Rouhani, akaba yavuze ko ari intsinzi y'abari hagati ku banyamacakubiri.
Amatora yaritabwe gushika ku bice 72.2%, mu banye Irani imiriyoni mirongo itanu bari bemerewe gutora uwugomba gusubirira Mahmoud Ahmadinejad.
Umukuru w'igisagara ca Tehran, Mohammad Baqer Qalibaf yarushijwe cane.
Umukuru w'ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, yakeje bwana Rouhani ku ntsinzi yiwe.
Ayatollah Khamenei azoca yemeza icese ivyavuye mu matora ku tariki 3 z'ukw'Umunani, umukuru w'igihugu mushasha ace arahirira amabanga mu nama nshingamateka.

Comments